#BBCGahuza: Uwateye ku kibuga c’indege i Orly yari azwi n’inzego z’umutekano

[ad_1]

Ikibuga ca Orly caciye cugagwaUwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Image caption

Ku kivuga c’indege ca Orly hari abaserikare benshi

Umugabo yishwe arashwe n’abajejwe umutekano ku kibuga c’indege ca Orly, abashikirizamanza mu Bufaransa bavuga ko yari asanzwe azwi n’inzego z’umutekano mu bindi vyaha.

Abategetsi bavuga ko yari asanzwe azwi ko akurikirana inyigisho z’ubutagondwa zitirigwa idini rya islamu.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Ziyed B, yari asanzwe azwiko ivyaha bitari bike nkandi yaraciye incuro nyinshi mu munyororo.

Igipolisi cemeje kandi ko yari yakomekeje umupolisi kuri bariyeri yaciyeko mu buraruko bwa Paris, imbere yo guhunga n’imodokari yerekeza ku kibuga c’indege ca Orly ari naho yashakiye kwambura inkoho umusurikare.

Se wiwe n’uwundi bavukana baciye bashigwa mu gasho kugirango basambishwe.

Ikibuga c’indege ca Orly caciye cugarwa, ariko uruhande rw’amahera mu burengero bwaco rwongeye kwugururwa.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: