#BBCGahuza: Ngo ‘nta kimenyetso c’ubufatanye bwa Trump n’Uburusiya’

[ad_1]

Amerika irashaka kumenya nimba Trump yarakoranye n'Uburusiya mu matoraUwufise ububasha kw’isanamu
AP

Image caption

Umugwi wa Devin Nunes buca wumviriza umukru wa FBI

Devin Nunes,umukuru w’umugwi w’inama nshingamateka ujejwe iperereza muri Amerika, avuga ko ata kimenyetso yabonye c’ubufatanye hagati y’Uburusiya n’abari bajejwe gufasha Trump mu gikorwa co kwiyamamaza.

Mu kiganiro yahaye tereviziyo Fox News, umukuru w’uwo mugwi w’inama nshingamateka, yavuze kandi ko ata kimenyetso cerekana ko iwahoze ari umukuru w’igihugu Barack Obama, yoba yaratumye kuneka icicaro gikuru ca Donald Trump, Trump Tower.

Bwana Nunes yashikirije ivyo mu gihe buca umukuru w’ibiro vy’iperereza mu gihugu FBI, James Comey, arenguka imbere y’uwo mugwi kwishura ibibazo bijanye n’ico yoba azi ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora aherutse muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: