#VOAKirundi: Malariya Ibangamiye Abanyagihugu muri EAC

[ad_1]

Igisata c’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, EAC, kijejwe ubushakashatsi mu magara y’abantu kivuga ko bimaze kwibonekeza ko ingwara ya malariya ibangamiye abanyagihugu benshi mu karere. Naho iyo ngwara itarashika ku rwego rw’ikiza mu karere, umuryango w’Afrika y’ubuseruko uvuga ko ingingo zikomeye zibwirizwa gufatwa. Uretse malariya hari n’izindi ndwara zituruka kw’isuku rike, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’uruja n’uruza rw’abantu.

Mu ntumbero yo kwigira hamwe ukugene akarere kose kohangana n’izo ndwara hamwe n’ibiza bitandukanye bishobora kwaduka, harategekanijwe inama rukokoma izobera i Bujumbura mu Burundi mu mpera z’uku kwezi kwa 3. Iyo nama yateguwe n’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, izotangura italike 29 z’uku kwezi.

Mu ntango zuyu mwaka, mu gihugu c’Ubuganda hadutse indwara y’ibicurane vy’inkoko ariko ifata n’abantu yitwa Grippe Aviaire. Vyatumye ibihigu bibanyi harimwo n’u Rwanda bifata ingingo zo guhagarika kuzana inkoko n’ibizikomokako bituruka mur’ico gihugu. Ubu, igisata c’amagara y’abantu mu karere k’Afrika y’ubuseruko kivuga ko isa n’iyaheze.

Iyo nama y’abahinga mu bushakashatsi bw’amagara y’abantu izobera i Bujumbura igira gatandatu. Izoba irimwo abashakashatsi n’abahinga 500. Bitegekanijwe ko hafatirwayo ingingo zituma haba ugutabara vyihuta mu gihe hokwaduka ikiza c’indwara mu bihugu vy’akarere k’Afurika y’ubuseruko.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Pierre Claver Niyonkuru ukorera Arusha muri Tanzaniya ni we wateguye iyi nkuru.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: