#VOAKirundi: RDC Isabwa Gushira mu Bikorwa Amasezerano Hagati y’Abanyepolitike

[ad_1]

Ishirahamwe mpuzamakungu ryamenyesheje, ku musi wa kabiri, ko hafi y’amezi atatu inyuma yuko amasezerano hagati y’abanyepolitike ateweko igikumu muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, ishirwa mu ngiro ryayo ryahagaze. Ivyo birageramiye umutekano mu gihugu.

Umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U muri Congo, Maman Sidikou, yaragabishije abagize urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi.

Raporo atari yororo y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, yerekana kw’uruhagara n’ubwicanyi vyakwiragiye no mu bice vyahoze birangwa n’umutekano imbere yaho. Mu ntara nka Kasai na Lomami aho abarwanyi batanye mu mitwe n’igisirikare ca Reta, abasivile barenga amajana abiri barahasiga agatwe. Bivurwa kw’ibibanza vyafubwemwo abantu benshi vyatowe mu ntara ya Kasai.

Mu ndwi iheze, abahinga babiri b’ishirahamwe O-N-U na bagenzi babo b’abanyekongo bane barazimanganye muri iyo ntara. Hakaba hari ubwoba butera bwiyongera ko batazogaruka.

Iryozwa ry’agateka ka muntu ritera ryiyongera. Ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’imirwi irwanya ubutegetsi ibandanya gukorera mu buseruko bw’igihugu, harimwo umurwi M23 wari watsinwe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2013 wasubiye kuvyuka

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: