#BBCGahuza: Kenya: $39m zibwe hakoreshejwe nyabwonko

[ad_1]

Kenya isaba amashirahamwe ya leta n'ay'abigenga ngukomeza umutekano w'akazi kaboUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Kenya isaba amashirahamwe ya leta n’ay’abigenga ngukomeza umutekano w’akazi kabo

Umugabo w’umu Kenya yagirijwe kwabura amabanga y’igisata kijejwe amakori muri Kenya, yiba imiliyoni 39 z’amadolari akoresheje « ordinateur » (nyabwonko)

Alex Mutunga Mutuku, yahakanye ivyo aregwa, nkuko ikinyamakuru co muri Kenya, Daily Nation, kivuga.

Ubushikirizamanza buvuga ko ari mu murwi munini w’abantu biba amahera mu mashirahamwe akomeye y’igihugu nay’abigenga.

Kubw’ikinyamakuru Standard, umushikirizamanza w’igihugu Edwin Okello yagize ati:

« Amakuru dufise ni nk’akamanyu k’umusozi. Ubwo busuma burakomeye kandi burimwo n’abantu bari inyuma y’igihugu. »

Uwufise ububasha kw’isanamu
Daily Nation

Image caption

Alex Mutunga Mutuku yagirizwa inyuruzwa rya $39 miliyoni

Alex Mutunga Mutuku, umuhinga mu vy’itumanako, ngo yoba yatumye ikigo c’igihugu kigenzura amakori « Kenya Revenue Authority » (KRA) gihomba amahera Sh 3 985 663 858 n’ukuvuga $39 856 638.58.

Ayo mafaranga ngo yoba yagiye arapotera buhoro buhoro hakoreshejwe ibikoresho bitandukanye vyo mu bwoko bwa « electronique » birimwo za telefone ngendanwa, nyabwonko, n’ibindi.

Uwo mugabo w’imyaka 28 ngo akunze kuzunguruka mu karere, akaba avugwa cane muri Tanzania, mu minsi iheze yatembereye mu bihugu vy’Ubuhindi, Ubuganda n’u Burundi.

Ubushikirizamanza bwa Kenya bwasavye ko apfungwa iminsi 40 kugira ngo itohoza ryatanguye rishobore kurangira.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: