#VOAKirundi: Burundi: Umwimbu w’Impeshi Uzoba Mwiza

[ad_1]

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mu Burundi burahumuriza ko umwimbu w’impeshi uzoba mwiza.

Ubwo bushikiranganji busigura ko mu ntara zine zabonetsemwo inzara mu gihe c’agatasi zigiye kuronswa imbuto z’ibiterwa bitandukanye.

Mu kiganiro umushikiranganji aburamutswa yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu yanavuze ko leta iriko iragwiza imbuto zirobanuye kugira igwanye inzara.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema yavuze ko ubu imigambi yihutirwa ari iyo gukingira isi ndimwa. Ivyo bikorwa mu guca imikobeko no gutera ivyatsi n’ibiti kuriyo bigatuma akanovera k’isi kataja mu nzuzi no mu myonga.

Mu gihe c’agatasi ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwemeza ko umwimbu muke n’inzara vyibonekeje mu ntara zine kuri 18 zigize u Burundi.

Nazo ni Kirundo na Muyinga mu buraruko hamwe na Bubanza na Bujumbura mu burengero.

Murutwo turere umwimbu waragabanutse uja musi y’ibice 50 kw’ijana.

Leta ivuga ko izo ntara yaziteguriye imigambi inemeza ko umwimbu w’impeshi uzogenda neza.

Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, ibisata vya ONU mu Burundi vyari vyari vyavuze ko Abarundi imiliyoni zitatu bugarijwe n’inzara. Umuliyoni muribo bakeneye imfashanyo zihuta. Ariko umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi asigura ko ari uguhuguza.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko buriko burungika abahinga kwiga mu bihugu vyo hanze ukuntu bokorera ku butaka bw’u Burundi imbuto zirobanuye zizwi nka hybrides mu gifaransa.

Rurema yabwiye abamenyeshamakuru ko ibi bizotuma umwimbu w’ibiterwa bimwe bimwe wiyongera hafi incuro zine. Atanga akarorero k’umuceri aho kw’igetari himburwa amatoni nk’atatu hashobora kuzova ama toni ari hagati ya 10 na 11 hakoreshejwe ubwo bushakashatsi bushasha.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: