#VOAKirundi: Inteko Mvamakungu Ziri Hafi Gushika

[ad_1]

Uwahora ar’icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, mu gisata c’umutekano, Herve Ladsous, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko umugwi wa mbere w’inteko mvamakungu ugiye gushika muri Sudani y’Ubumanuko mu minsi ir’imbere. Ladsous, asanzwe ari I Juba muri kino gihe, avuga ko Reta ya Prezida Salva Kiir itegerezwa kubanza guhagarika intambara kugira ibiganiro bishoboke.

Ivyo Ladsous yabitangarije k’umugwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko, ari kumwe n’uwuzomusubirira mur’ayo mabanga, Jean-Pierre Lacroix. Urwo rugendo rukaba gwari rugamije kubahuza na Prezida Salva Kiir n’abandi bategetsi b’aho muri Sudani y’Ubumanuko. Ladsous amenyesha ko Sudani y’Ubumanuko yugarijwe n’ibibazo bitandukanye hamwe n’ivy’umutekano, kandi ko umuti wavyo uri muri politike.

Gushik’ubu ibiganiro vyari vyatangajwe na Prezida Salva Kiir ko bizotangura mu ntango z’uku kwezi ntibiratangura. Reta ikaba itaratangaza itariki bizoberako.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: