#BBCGahuza: Umushikiranganji ajejwe amakuru muri Tanzaniya yirukanywe

[ad_1]

Prezida John Magufuli wa Tanzania arakunda kw'ibintu bikoregwa ku murongoUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Prezida John Magufuli wa Tanzania arakunda kw’ibintu bikoregwa ku murongo

Prezida John Magufuli wa Tanzaniya yakuye mu mabanga umushikiranganji w’itangazamakuru yari amaze iminsi atanguje itohoza ku mutegetsi akomeye, yagirizwa gutera ubwoba ikigo cigenga c’itangazamakuru gikorera mu gisagara ca Dar es Salaam.

Ihindura ry’abagize leta ryashikirijwe mu gitondo, Prezida Magufuli ntiyasiguye igituma Nape Nauye yahagaritswe mu mabanga.

Ku munsi wa kabiri, umurwi ukora itohoza, ugenywe na Bwana Nauye, wasavye ko uwuserukira ubutegetsi mu gisagara ca Dar es Salaam Paul Makonda yofatigwa ibihano kubera ivyavugwa ko yagiye kudurumbanya mu biro vy’ikinyamakuru « Clouds Media Group » (CMG) ku munsi wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu
CMG

Image caption

Amasanamu ya CCTV arerekana Makonda (i bubamfu) ari mu biro vya CMG

Amakuru asohoka avuga ko Bwana Makonda atanezerejwe n’ukubona imbonerakure ya CMG itahitishije inkuru y’umuvugabutumwa yari yakoze amakosa.

Bwana Makonda hamwe n’iyo ndongozi y’idini ntibashoboye kwumvikana ku kibazo giherutse kijanye n’ibiyovyabwenge.

Prezida Magufuli asa naho ariko arashigikira uwumuserukira mu burongozi, ivyo bikaba vyababaje abanyagihugu na cane cane abaganirira ku mbuga hwaniro.

Bwana Makonda, bivugwa ko ari somambike wa Prezida, ntaco arabivugako.

Korea yepfo: Park Geun-hye yakuweko icizere

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: