#BBCGahuza: Urucanco Rotavirus ngo rwotabara abana 500 000 bapfa ku mwaka muri Afrika

[ad_1]

Urucanco rushasha ngo rushobora gutabara abana inusu y'umuliyoniUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Urucanco rushasha ngo rushobora gutabara abana inusu y’umuliyoni

Icizere kiriyongera mu gihe hari urucanco rushasha kandi ruzimbutse rurinda ubushuhe, rukingira indwara yica abana 1 300 ku munsi, rwageragejwe muri Niger ruba ngirakamaro.

Urwo rucanco rurafasha ku cizere ca 67% mu gukingira indwara « gastroenteritis » itegwa n’umugera rotavirus, utuma abana bafatwa n’ugucibwamwo.

Incanco zibiri zahahora zikenera kubikwa ahakanye (muri frigo), kandi zirazimvye.

Runo rucanco rushasha ruzoba rugugwa inusu y’amahera izo za mbere zagugwa.

Uwurongoye ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe « Medecins Sans Frontieres » (MSF), Micaela Serafini, yavuze ko urwo rucanco, « BRV-PV », ruje « guhindura urukino ».

« Ni urucanco rujanye cane n’ivyo dukeneye muri Africa, » niko yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Abana barenga 500 000 barapfa ku mwaka baheze amazi mu mibiri kubera gucibwamwo n’izindi ngorane zitegwa na rotavirus, cane cane muri Afrika yo munsi ya Sahara, nkuko ikigo citaho amagara y’abantu « Organisation Mondiale de la Santé » (OMS) ivuga.

Kirongera kiti: « Igihe urwo rucanco ruzoboneka ku bwinshi muri Afrika, ruzokingira imiliyoni z’abana badafise gifasha. »

Urucanco BRV-PV, rukoregwa mu Buhindi, rurindiriye kwemezwa n’ikigo citaho amagara y’abantu kw’isi « Organisation Mondiale de la Santé » (OMS) imbere yuko rutangura gukoreshwa.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: