#VOAKirundi: Jean Pierre Bemba Yongerejwe Ibihano

[ad_1]

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, ejo ku musi wa gatatu bongereje ikiringo c’umwaka umwe ku gihano c’umunyororo waciriwe Jean Pierre Bemba. Uyu yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Bemba yongeye ahabwa igihano c’ihadabu y’amadolari y’Abanyamerika $324,000 kubera yahaye ruswa ivyabona vyiwe murubanza rwiwe ruheruka.

Abashikirizwa manza bane ba Bemba nabo nyene barahawe igihano co gufungwa n’iyo sentare ikorera mu gisagara cya LaHaie mu Buholandi. Abo bashikirizwa manza baregwa guhera no guha ubiturire ivyabonahaye 14 kugira urubanza rugende ukwo bipfuza.

Ribaye iryambere iyo sentare mpuzamahanga iciye urubanza rujanye n’uwuregwa agerageje uguhera ivyabona vyiwe.

Bemba ari mugihano c’umunyororo w’imyaka 18 kuvyaha abasirikare biwe bakoze mugihugu kibanyi ca Repubulika ya Centre Afrique, mu mwaka wi 2002 ni 2003. Muri ivyo vyaha Bemba yagirijwe, harimwo ubwicanyi, ugufata kunguvu no gusahura.

Bemba nti yabaye umuntu wambere yagiriwe niyo sentare mpuzamakungu ivyaha vyo gufata ku nguvu. Gusa, yabaye umuntu wambere yagiriwe n’iyo sentare ivyaha vyakozwe n’abasirikare biwe.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: