#VOAKirundi: Zimbabwe: Abanyepolitike Basaba Ceni Gukinjura

[ad_1]

Muri Zimbabwe, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yatangaje ko itizeye umugwi ceni, ujejwe gutunganya amatora, ategekanijwe kuba mu mwaka uza w’ibihumbi bibiri na cumi n’umunani. Iyo migambwe isaba ko hashigwaho urwego mpuzamakungu kugira abe arirwo rutunganya ayo matora.

Iyo migambwe irongowe na Morgan Tsvangirai, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere, yatunganije ikoraniro ry’abantu bashika ku majana atanu, kur’uyu wa gatatu. Ni mur’iryo koraniro abo banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi batangarije ko amatora atazoburamwo impari, ari hamwe umugwi ceni udakinjuye.

Iryo koraniro ribaye inyuma y’aho umugwi ceni usabiye Reta irongowe na Prezida Robert Mugabe kugura ivyuma biyometrike bizokoreshwa mu matora y’umwaka uza. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ikavuga ko guhindura ibikoresho bitemewe n’ibwirizwa shingiro.

Abanywanyi b’iyo migambwe bashikirije urwandiko umugwi ceni, rwo kuwiyamiriza. Abagize umugwi ceni barabonye n’abanywanyi bose b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, yamara uwurongoye ceni, Rita Makarau, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko batemera ibisabwa n’iyo migambwe. Akavuga ko badashobora kwakira ibirego bitarivyo.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: