#BBCGahuza: Umugabo yatabaye imbwa ayisomye – BBC Gahuza

[ad_1]

Umugabo ari mu gisata kizimya umuriro yakoresheje iminota 20 mu gutabara iyo mbwaUwufise ububasha kw’isanamu
BILLY FERNANDO/SANTA MONICA FIRE DEPARTMENT

Image caption

Umugabo ari mu gisata kizimya umuriro yakoresheje iminota 20 mu gutabara iyo mbwa

Umunyamerika ari mu gisata kizimya umuriro yashimiwe, inyuma yaho azuye imbwa yasa n’iyapfuye mu kuyiha umwuka wiwe awucishije mu kanwa kayo, igikogwa cafashe iminota 20 kugira ngo igarure ubuzima.

Iyo mbwa yatabawe ikuwe mu nzu yariko irasha ishikanwa hanze itagihema kubera ubushuhe n’imwotsi, ivyo bikaba vyabereye ahitwa Santa Monica mu ntara ya California.

Andrew Klein yarashoboye gusubiza ubuzima imbwa Nalu y’imyaka cumi.

Bwana Klein yasanze Nalu yataye ubwenge mu cumba co ku ruhande rw’inyuma, imaze igihe igendesha inda muri iyo nzu yariko irarurumba.

« Nta buzima yari igifise, » niko uwo mugabo azimya umuriro yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Nalu receiving oxygenImage copyrightBILLY FERNANDO

Image caption

Nalu yagaruye ubuzima ironse umwuka wa oxygene

Mu gihe nyen’imbwa, Crystal Lamirande, yariko ararira, Bwana Klein n’abo bari kumwe bamaze iminota 20 baha iyo mbwa umwuka wa « oxygene » mu buryo bw' »umunwa ku munwa ».

« Inyuma y’iminota 20, iyo mbwa yari itanguye guhema yagaruye ubuzima, ica itangura gutambuka, » niko itangazo rya « Santa Monica Fire Department » ryavuze.

Muri kino gihe Nalu imerewe neza mu kuba imaze amasaha 24 mw’ihema inyuma yaho iherewe uwundi mwuka wa oxygene.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: