#VOAKirundi: Abapolisi Barenga 40 Baciwe Imitwe i Kasai

[ad_1]

Umuhari w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo waraciye imitwe abapolisi ba reta 42 inyuma y’aho babategeye umuteko hafi y’igisagara ca Kananga, mumaja hagati y’igihugu.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatandatu na Francois Kalamba, umuvugizi w’inama nshingamateka mu ntara ya Kasai.

Yatangaje ko umurwi witwaje ibirwanisho witwa Kamuina Nsapu wateze umutego abapolisi bariko bava I Kananga berekeza I Tshikapa.

Kalamba avuga kandi ko batandatu mur’abo bapolisi barusimvye inyuma yaho abo barwanyi basanze bashobora kuvuga ururimi rw’igi Tshiluba rusanzwe ruvugwa mur’iyo ntara.

Ico gitero kibaye igihitanye abatari bake hagati y’abajejwe umutekano n’uwo muhari w’abarwanyi kuva muci riheze. Ico gihe abajejwe umutekano bishe umukuri w’uwo muhari, bikaba vyavyuye uruhagarara rwakwiragiye mu ntara zishika zitanu zo muri Kongo.

ONU ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kwicwa mur’ico gice co mu ntara zo hagati muri Kongo. Benshi muri bo bahambwe mu binogo rusangi, nkuko vyashikirijwe na ONU mundwi iheze inyuma yaho itoreye ibinogo 10 vyahambwemwo abantu.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: