#BBCGahuza: Abungere ba Ekleziya Gatolika bavuye mu biganiro vya Congo

[ad_1]

Prezida Joseph Kabila wa Repubulika iharanira Intwaro Rusangi ya CongoUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Prezida Joseph Kabila wa Repubulika iharanira Intwaro Rusangi ya Congo

Abungere ba Ekleziya Gatolika bahagaritse igikogwa co kuba abahuza mu biganiro hagati y’imigwi itavuga rumwe n’ubutegetsi na leta ya Congo.

Abo basenyeri bavuga ko vyanse ko impande zose zumvikana kw’itariki y’amatora kandi ko ata kindi kintu bariko barakora muri kino gihe.

lgihe amakuru ko vyose vyahagaze atanguriye gushikira abanyagihugu ku mugwa mukuru wa Kinshasa, umutekano waciye usa nuwutangura guhungabana, abantu barabura ingene babikika.

Ibiganiro imigwi yose yarimwo vyari ivyo kwirinda ko hosubira kwaduka ubundi bwicanyi, inyuma y’ubwahitanye abantu 20 mu kwezi kwa 12 mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila, ikiringo kimurekurira kurongora igihugu kirangiye.

Mu masezerano yahagarariwe n’abungere ba Ekleziya Gatolika, Bwana Kabila yovuye ku butegetsi mu mahoro inyuma y’imyaka 17 amaze arongora igihugu, ariko akemera kutitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.

  • Ubwicanyi bwiyongera muri RD Congo « buteye amakenga »
  • Ekleziya ya Congo: amasezerano ashobora gusambuka

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: