#BBCGahuza: Umukwe wa Trump agiye kubazwa ku migenderanire yiwe n’Uburusiya

[ad_1]

Bwana Kushner niwe agiye kurongora umurwi ugenzura ibikogwa vyo mu biro kwa PrezidaUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Bwana Kushner niwe agiye kurongora umurwi ugenzura ibikogwa vyo mu biro kwa Prezida

Umukwe n’umufasha wa Preszida wa Amerika Donald Trump agiye kubazwa n’umurwi ujejwe gutohoza ku migenderanire ya sebukwe n’Uburusiya.

Jared Kushner niwe yisabiye kuvugana n’umugwi w’inama nshingamateka ujejwe iperereza « Senate Intelligence Committee », niko ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, vyavuze.

Wihweza nimba Uburusiya bwarivanze mu matora aheruka mu mwaka uheze, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ibigo bijejwe iperereza muri Amerika biziko Uburusiya bwabuye amabanga igihe c’amatora, mu ntumbero yo gufasha Bwana Trump ngo atsinde Hillary Clinton.

Uburusiya bwarahakanye ivyo bwegekwako, Prezida Trump we yivugira ko ari amakuru y’ibinyoma « fake news ».

  • Umuhanuzi wa Trump yatanze imihoho
  • Ngo ‘nta kimenyetso c’ubufatanye bwa Trump n’Uburusiya’

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: