#BBCGahuza: Uwagwanije intwaro karyanisha miryango muri Afrika yepfo yasezeye isi

[ad_1]

Ahmed Kathrada yamaze imyaka irenga 26 mw'iboheroUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Ahmed Kathrada yamaze imyaka irenga 26 mw’ibohero

Umutama ari mu bantu bagwanije intwaro karyanisha miryango muri Afrika yepfo, Ahmed Kathrada, yitavye Imana ageze ku myaka 87, niko ishirahamwe yatanguje ryavuze.

Ryamenyesheje ko Bwana Kathrada yapfuye mu mahoro mu bitaro vya Johannesburg « amaze igihe gito agwaye inyuma yaho abagiwe mu bwonko ».

Co kimwe na Nelson Mandela, Bwana Kathrada ari mu bantu umunani b’umugambwe African National Congress (ANC) baharaniye agateka ka kiremwa muntu, bari bakatiwe gupfungwa ubuzima bwose mu 1964.

Ico gihe bakaba bagirizwa kurondera guhirika ubutegetsi bwari mu minwe y’inkehwa z’abazungu.

Azoshingugwa ku munsi wa gatatu mu birori vy’umwihariko. Prezida Jacob Zuma yavuze ko amadarapo akwiye gushikanwa hagati mu kumuha icubahiro ca nyuma, kandi ko hazoba imisa yo kumusabira.

Bwana Kathrada, azwi n’abamukunda kw’izina rya Kathy,ntiyari umugenzi wa hafi wa Bwana Mandela gusa, yari no mu baharanira agateka ka kiremwa muntu, yagwanije intwaro ya karyanisha miryango, apartheid, niko umumenyeshamakuru wa BBC Milton Nkosi yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Bwana Kathrada ari kumwe n’umuhisi Mandela (ifoto y’ibubamfu)

Urupfu rwa Ahmed Kathrada ruje gusubira kwemeza ko uruvyaro rw’incungu zagwanije intwaro karyanisha miryango ya Apartheid ruriko rurazimangana.

Co kimwe na Nelson Mandela, Oliver Tambo na Walter Sisulu, yari mu bantu batigeze bashigikira ibiturire, bakoreye igihugu.

Yari mu bantu bama batunga agatoke uburongozi bwa Prezida Jacob Zuma, amusaba gutanga imihoho na cane cane inyuma yaho sentare imukubitiye intahe mu mutwe.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: