#VOAKirundi: Zambiya Iriko Igisha Inama ku Vyerekeye Kuva muri CPI

[ad_1]

Igihugu ca Zaimbiya catanguje muri iyi ndwi ibiganiro vy’ukugisha inama abanyagihugu, ku mugambi wa Reta w’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ivyo bibaye mu gihe ibihugu bitari bike vyo muri Afrika biriko bisubira kwihweza nimba bikwiye kubandanya kuguma muri iyo sentare.

Afrika y’epfo iherutse gusubira ku mugambi wayo w’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Perezida w’igihugu ca Gambiya, Adama Barrow yarasubiye ku ngingo yari yafashwe n’uwo yasubiriye y’ukuva muri iyo sentare.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Zambiya, Given Kubinda yatangaje ko Reya izogisha inama abanyagihugu ku vyerekeye umugambi wayo w’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ico gikorwa kizoshika ku musi wa gatanu. Ivyo yabivugiye mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka muri iyi ndwi.

Inyuma yaho Reta ingingo nimba yorondera kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Itegekanya gutangaza ingingo yayo mu nama nkuru y’umuryango w’ibihugu vya Afrika mu mpera z’uyu mwaka.

Ibihugu bitari bike vyaragabishije kuva muri iyo sentare. Umuntu aretse Afrika y’epfo na Gambiya, Uburundi nabwo nyene bwarasavye icese kuva muri iyo sentare mu gihe igihugu ca Kenya kiriko kiriyumvira kubigenza nkuko.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: