#BBC: Abarenga 300 baramaze guhitanwa na mugiga muri Nigeria

[ad_1]

Icigapo c'ubwonko bw'umuntu yafashwe na mugigaUwufise ububasha kw’isanamu
Science Photo Library

Image caption

Mugiga irangwa n’ukuvyimbigwa kw’utubiribiri turi mu bwonko hamwe no ku ruti rw’umugongo

Abajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Nigeria bavuga ko abantu bamaze guhitanwa n’ikiza ca mugiga ubu barenga amajana atatu.

Ico kiza kimaze gushika henshi, kikaba kirangwa mu ntara cumi na zitandatu mu gice c’ubumanuko bw’igihugu.

Hari abandi bantu bashika ibihumbi bibiri n’igice vyibazwa ko bamaze kwandura iyo ndwara, irangwa n’ukuvyimbigwa kw’utubiribiri turi mu bwonko hamwe no ku ruti rw’umugongo.

Benshi mubo iyo ndwara imaze guhitana ni abana, abajejwe intwaro bakavuga ko ubwoko bw’iki kiza, buzwi nk’ubwoko C, budasanzwe kandi ngo hari ubukene bw’inkingo zo kuyirwanya.

Mugiga iboneka gake muri Nigeria, ariko abantu barenga ibimbi bibiri bahitanywe nayo igihe ikiza cayo giheruka haciye imyaka umunani.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: