#BBC: Conte avuga ko gutsindwa na Palace bituma ihiganwa riryoha

[ad_1]

Antonio Conte avuga ko igikombe kitarabonekaUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Antonio Conte avuga ko igikombe kitaraboneka

Umumenyereza wa Chelsea, Antonio Conte, avuga ko gutsindwa na Crystal Palace ku buryo ataziga bitumye guhiganirwa igikombe ca Premier League bijamwo akunyu.

Chelsea isanzwe ariyo iri imbere muri Premier League, yatsinzwe ku nshuro ya kabiri gusa kuva ihiganwa ryatangura, aho Palace yiha amahirwe yo kutamanuka ku ntsinzi ya 2-1.

Intsinzi ya Tottenham kuri Burnley isigura ko ubu ica irushwa na Chelsea amanota indwi gusa.

Conte yagize ati « Ku bitangazamakuru ni vyiza, kuko bica bituma ihiganwa riryoha ».

« Ariko namye mvuga ko ihiganwa rihera iyo ibiharuro vyerekana ko watsinze ata kwihenda.

« Nayo ubundi utegerezwa kubandanya urugamba, utegerezwa kugerageza gutsinda buri rukino. »

Umumenyereza wa Tottenham, Mauricio Pochettino, wewe aracizera ko bashobora gufata Chelsea nyuma yo gutsinda Burnley 2-0.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: