#VOA: Ibinogo 13 Vyahambwemwo Benshi Vyatowe muri Kongo

[ad_1]

Abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakora amatohoza baratoye ibindi binogo 13 vyahambwemwo abantu benshi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ahamaze amezi habera ubwicanyi hagati y’abajejwe umutekano n’umuhari w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa mbere na José Maria Aranaz, umuyobozi w’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu. Atangaza ko igitigiri c’ivyo binogo cavuye kw’icumu, ubu gishitse kuri 23 vyatowe mu ntara za Kasai yo hagati n’iy’ubuseruko.

Aranaz avuga ko ayandi matohoza azobandanya mu ntara ya Lomami, ahakekwa kuba ibindi binogo.

Mwibuke ko abahinga 2 ba ONU bariko bakora amatohoza nk’ayo mu ntara ya Kasai banyurujwe hamwe n’abakongomani babaherekeza kw’italiki 12 z’ukwezi kwa gatatu, munyuma batorwa ar’ibiziga.

K’umusi wa kane, Ekleziya katolika muri Kongo yasavye abajejwe umutekano kudatwarwa n’ishavu mugihe bariko bahiga abo barwanyi.

Umuhari wiyitiriye Kamwina Nsapu ukivuka watanguye gutera inyubakwa za reta, ariko kuva mu kwezi kwa kabiri watandukiriye amashure n’amasengero.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: