#BBC: Korea ya ruguru yateye ikigwanisho mu kiyaga c’Ubuyapani

[ad_1]

Korea ya ruguru ivuga ko igerageza ry'ibigwanisho irikora mu mahoroUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Korea ya ruguru ivuga ko igerageza ry’ibigwanisho irikora mu mahoro

Korea ya ruguru yagerageje ikigwanisho kidashika kure cane co mu bwoko bwa « missile », kiva ku kivuko ca Sinpo kigwa mu kiyaga c’Ubuyapani.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Korea yepfo yavuze ko iyo « missile » yagurutse 60km.

Kino gisasu kirekuwe inyuma y’igerageza ry’ibindi bigwanisho Korea ya ruguru imazemwo igihe irondera gukora « missile nucléaire ».

Irekura ry’iyo « missile » rishitse buca Prezida w’Ubushinwa Xi Jinping ahura na Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump.

Abo bategetsi babiri bazovugana ku kungene bokika ikibazo c’igerageza ry’ibigwanisho Korea ya ruguru imazemwo igihe, mu gihe Amerika isaba Ubushinwa busanzwe bucuditse na Pyongyang gufasha gutorera inyishu ico kibazo.

Bwana Trump yavuze mu kiganiro aheruka gutanga ko Washington yiteguye kwitorana inyishu, itiriwe irakorana na Beijing: « Ubushinwa nibutaronkera inyishu ikibazo ca Korea ya ruguru, twe tuzobikora. »

Ubushinwa busaba Korea ya ruguru guhagarika igerageza ry’ibigwanisho

Korea ya ruguru yasubiye kurasa mu karere k’Ubuyapani

Korea ya ruguru yarabujijwe n’akanama kajejwe umutekano ka Onu kugerageza ibigwanisho vya « nucléaire » hamwe n’ama « missiles » naho iguma ica kuri ayo mategeko.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: