#BBC: Erdogan: Ivyasabwe Qatar biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu

[ad_1]

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Iyo ndamutso y’intoke zine – « rabaa » – ya Prezida Erdogan yatangujwe n’umugwi Muslim Brotherhood mu myiyerekano yo mu 2013

Umukuru w’igihugu ca Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko urutonde rw’ivyo Qatar yasabwe gukora ngo ikurigweko ibihano n’ibihugu vy’abarabu, ko ruteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Bwana Erdogan yasiguye ko ibisabwa bihonyanga ubusugire bw’igihugu.

Qatar ivuga ko ibisabwa — birimwo ukugabanya imigenderanire na Irani, ukwugara ikigo ca televiziyo ca al-Jazeera hamwe n’ukwugara ikambi y’igisirikare co mu kirere ya Turukiya — bitumvikana.

Mu ndwi iheze, Ankara yamenyesheje ko igiye kwongera abasirikare bayo muri Qatar.

  • Ibihugu by’Abarabu byacanye umubano na Qatar

Yararungitse n’ubwato bw’ibifungugwa muri Qatar, yakumiwe n’ibihugu vy’abarabu bigizwe na Arabie Séoudite, Emirats Arabes Unis, Bahrain na Misiri, bicagiriza gutanga uburyo mu bikorwa vy’iterabwoba.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: