#BBC: Liu Xiaobo yarekuwe kubera indwara ya cancer imugeze habi

[ad_1]

Uwo atavuga rumwe na reta Liu Xiaobo kw'ifoto nshasha umuryango wiwe washize ahabonaUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Liu Xiaobo yandika ivyese agaharanira n’agateka ka zina muntu

Umushinwa atavuga rumwe na reta yigeze kuronka agashimwe ka Nobel Liu Xiaobo yavanywe mw’ibohero ajanwa mu bitaro inyuma yo kumutora ingwara ya Cancer.

Liu, aharanira agateka ka zina muntu yatawe mu mvuto mu 2009 yagirizwa ibintu bitagira ishingiro kuko yatera akamo ko hoba demokrasi isesuye.

Umushingwamanza wiwe avuga ko yahora avurirwa mu bitaro vyo mu buraruko bw’intara ya Liaoning, inyuma y’aho bamutoreye iyo ngwara haraheze ukwezi.

Umupfasoni wiwe Liu Xia yaciye ahagarikwa kuva umugabo wiwe aronse ako gashimwe mu 2010, ariko nta kintu na kimwe aragirizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Liu Xia (ari kumwe n’umushingwamanza wiwe Mo Shaoping, i bubamfu) ahawe akanya gato ko kuraba umugabo wiwe

Liu Xiaobo w’imyaka 61, yari mu barongoye imyiyerekano yabereye i Tiananmen mu 1989.

Abategetsi b’Ubushinwa ntibigeze bamenyesha icatumye babuza umugire wiwe kwishira akizana.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: