#VOA: Reta y’Uburundi Ihamagarira Impunzi Gutahuka

[ad_1]

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’Uburundi ariko aragendera impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya.

Pascal Barandagiye urugendo yarutanguriye mw’ikambi ya Nyarugusu ejo kuwa kane, yarusozerereye mu makambi ya Nduta na Mtendeli kuri uyu wa gatanu. Aho hose, ashikiriza ubutumwa bwo guhamagarira impunzi guhunguka.

Mu rugendo rwiwe yari yaherekejwe n’umugwi w’Abarundi baheruka guhunguka bavuye muriyo nkambi. Abo nibo baciriye agace abo bahora babana mu mahema aho I Nduta bababwira ko botahuka kubaho neza.

Bagize bati, tukiri ngaha I Nduta twari dushonje, dukenye, twambara ubusa none raba ubu tumerewe neza kandi ntaco dukenye.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi ryerekana ko impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya zose hamwe zirenga gato ibiumbi 235.

Ryiteze ko gushika mu mpera z’uno mwaka w’2017 hazoba hamaze gutahuka abarenga gato ibihumbi 12. N’umugambi uzobandanya no ku mwaka uza, hagatahuka abarenga ibihumbi 60.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: