#BBC: Sandrine Nininahazwe ni we mupfasoni wa mbere mwiza avyibushe mu Burundi

[ad_1]

Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame

Image caption

Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame » i bubamfu, na Sandrine Nininahazwe yabaye uwa mbere mu bapfasoni bavyibushe i buryo

Woba warumaze kubona ihiganwa ry’umwigeme canke umugore wa mbere mwiza kandi mu nini cane ?

Abatari bake bamenyereye kubona amahiganwa y’umwigeme mwiza bita Miss Burundi kenshi uwo nawe akaba aba ari muto muto.

Kuri uyu gatanu ishirahamwe « Chic Madame » ryaratunganije igikorwa co guhitamwo abigeme n’abakenyezi beza kandi bavyibushe cane bazoja guserukira Uburundi mw’ihiganwa ry’akarere k’ibiyaga binini mu kwezi kwa 12.

Iryo higanwa rizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Abarundikazi batanu bakaba aribo batowe.

Sandrine Nininahazwe, umupfasoni w’imyaka 32 ni we yabaye uwa mbere muri iryo higanwa.

Uwo mupfasoni afise w’abana 2 akaba afise ibiro 110.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Sandrine Nininahazwe

Image caption

Abitavye ihiganwa bari bafise ibiro birenga 90 bakabazwa n’ibindi bibazo vy’ubwenge

Avuga ko kenshi muri aka karere abakenyezi n’abigeme bafise ibiro vyinshi bafatwa ukutari ko.

« Ibi biri muvyatumye nitaba iri higanwa kuko kenshi iyo umukobwa canke umugore avyibushe cane mu kibano baramukengera bakanashaka kumwumvisha ko ivyo biro ari intambanyi ku buzima bwiwe », nikwo Sandrine Nininahazwe asigura.

« Jewe nariyakiriye kandi ndanabinezererewe cane, ndagira sport, ndi umupfasoni akurikirana ibiro vyiwe kandi ata ntambanyi mbona bishobora kuntera ku bwenge bwanje canke amagara yanje » , nikwo abandanya avuga.

Muri 10 bahiganywe, batanu nibo batowe kugira bazoserukire uburundi.

Image caption

Jenifa Nkurunziza, umwe mu batunganije ico gikorwa.

Jenifa Nkurunziza ni umwe mu batunganije ico gikorwa.

« Twabanza tukaraba yuko umugore canke umukobwa ashikana ibiro 90 hama tugaca turaba ubwiza tukongera tukaraba ingene ashikiriza ivyiyumviro.

Turaraba kandi n’ingene yiyemera kuko abagore benshi n’abakobwa banini cane usanga batikunda », nikwo Jenifer avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Sandrine Nininahazwe

Image caption

Igice ca nyuma c’ihiganwa « Chic madama » kizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya kongo.

Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame » amenyesha ko iri higanwa ryatunganijwe kugira batere intege abapfasoni n’abakobwa banini cane.

« Kenshi abantu nk’aba usanga mu kibano babita amazina atabereye. Nk’iwacu muri Kongo babita yamado canke Fuso, Fuso ni izina ry’imodoka, umukenyezi ntakwiye kwitwa gurtyo. Aha mu Burundi mubita ki bunene. Ivyo vyose ni ibintu bituma bikumira mu kibano mbere bigatuma badatera imbere », nikwo Ilanga asigura.

Igice ca nyuma c’ihiganwa « Chic madama » kizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya kongo.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Sandrine Nininahazwe

Image caption

Abapfasoni batanu bavyibushe babaye aba mbere mu bwiza bazoserukira Uburundi mw’ihiganwa rizobera i Bukavu itariki 28 z’ukwezi ka 12 mu 2017

Ibihugu vy’Uburundi, Urwanda na Congo bizoserukirwa n’abagime canke abapfasoni batanu batanu.

Hazotorwamwo umwe wa mbere akazoba afise ivyegera bibiri.

Ihiganwa chique madame nubwa mbere ribaye mu Burundi.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: