#BBC: Zimbabwe: Mugabe araganira n’umukuru wa gisirikare kuri kazoza kiwe

[ad_1]

Prezida Mugabe araganira n'umukuru wa gisirikare kuri kazoza kiweUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Prezida Mugabe araganira n’umukuru wa gisirikare kuri kazoza kiwe

Prezida wa Zimbabwe Robert Mugabe arahura n’abakuru ba gisirikare mu gihe amajwi menshi amusaba gutanga imihoho.

Ibiganiro biza kuba birongowe n’umupadiri w’umukatolika, nk’uko imboneshakure ya reta ibivuga.

Mugabe amaze umwanya munini yugaraniwe mu nzu iwe kuva igisirikare kimuhagaritse ku butegetsi ku musi wa gatatu.

Umugambwe uri ku butegetsi wa Zanu-PF na wo uraza kugira inama yo kwiga ko wohagarika mu mabanga yiwe uwawushinze akaba ari na we amaze igihe kirekire awurongoye.

Igihugu ca Zimbabwe kirindiriye kumenya kazoza ka Mugabe

Igisirikare camuhagaritse ku butegetsi inyuma y’aho Mugabe w’imyaka 93 yirukaniye icegera ciwe Emmerson Mnangagwa mu mabanga yiwe.

Iyirukanwa rya Mnangagwa ryatumye umupfasoni wa Mugabe, Grace Mugabe ari we aza imbere mu kwitoza kuba prezida mu matora yimirije.

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Abantu isinzi bihereje amabarabara muri Zimbabwe basaba Mugabwe gutanga imihoho

Vyasa n’uko ari azocas aba icegera c’umukuru w’igihugu mu gihe umugambwe Zanu-PF wari kumwemeza.

Mugabe yari arongoye igihugu ca Zimbabwe kuva cikukira mu 1980.

Zimbabwe: abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu munezero wo gusezerera intwaro ya Mugabe

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara ku musi wa gatandatu bashimira igisirikare banasaba ko Mugabe atanga imihoho.

Bagenda baratabagura ifoto za Mugabe baca aho yahora akorera no ku muhana iwe.

Image caption

Abari mu myiyerekano baciye ku biro prezida yahora akoreramwo, ku kirimba hamwe no ku nzu yiwe bwite

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: