#BBC: Umushingamateka wa Australia yasavye kwubakana n’umukunzi wiwe mu nama nshingamateka

[ad_1]

Tim Wilson reaches for a tear during his speech in parliamentUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Tim Wilson

Umushingamateka w’umugabo wo mu gihugu ca Australia yasavye umukunzi wiwe w’umugabo ko bokwubakana mu gihe hariko haraba ibikorwa vy’inama nshingaateka vyo kwemeza ukwubakana kw’abasangiye igitsina.

Tim Wilson yasavye kwubakana na Ryan Bolger yari yicaye mu kibanza cagenewe abantu basanzwe atari abakozi b’inama nshingamateka. Abo bagabo babiri bamaze imyaka icenda bakundana.

Iyo nteguro y’itegeko yo kwemeza ukwubakana kw’abasangiye igitsina yashikanywe mu nama nshingamateka ku musi wa mbere inyuma yo guca mu nama nkenguzamateka mu ndwi iheze.

Imyigaragambyo ishyigiye abimukira muri Australia

Umunya Australia yononewe urutoke n’inka yarusubirije ino

« Mw’ijambo ryanje rya mbere, ndemera ico dupfana mfatiye ku mpeta ziri ku maboko yacu y’ububamfu. Iyi mpeta ni inyishu ku bibazo tudashobora kwishura, » ni ko Wilson avuga.

« Kubera ivyo hari ikintu kimwe gusa gisigaye gukorwa. Ryan Patrick Bolger uremeye kumbera umugore? »

Ico kibazo catumye abantu batera impundu, igihe Bolger yishura avugira hejuro avuga ngo « egooo »

Wilson yaheruka kuvuga ubuzima bwiwe ingene yakuze ari umwana akundana n’abo basangiye igitsina akaba yagiye arabonwa nabi kubera ivyo.

Wlson ni umwe mu bashingamateka 77 bagiye kwiga iyo nteguro y’itegeko.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: