#VOA: CPI mu Nzira yo Gukurikirana Igihugu Gitera Ikindi

[ad_1]

Ibihugu 123 biri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kuva kur’uyu wa mbere bikoraniye ku cicaro ca ONU mu nama yama ibihuza buri mwaka.

Bariko barabira hamwe ko bemeranya ko icaha c’igihugu gitera ikindi coshirwa mu bindi vyaha bitatu iyo sentare isanzwe ikurikirana.

Amakuru atangwa n’umuhinga mur’ico gisata atashimye ko izina ryiwe rija ahabona avuga ko ico kibazo kitoroshe. Avuga ko har’ibihugu bishobora kuzokurikiranwa mu gihe ico caha cokwemezwa. Ivyo navyo ngo ni Uburusiya bwigaruriye intara ya Georgia na Crimea.

Abandi n’Abafaransa, Abongereza n’Abanyamerika boba bagirizwa urupfu rwa Kadafi muri Libiya, U Rwanda n’Ubuganda vyoba vyaragize kuvogera muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, hamwe n’ibihugu bitari bike bifise uruhara mu ntambara muri Siriya.

Hakenewe bibiri vya bitatu vy’ibihugu biri muri CPI kugira iryo tegeko ryemerwe n’ukuvuga ibihugu 82.

Kuva igishingwa gushik’ubu, CPI ihana ivyaha bihohotera ikiremwa muntu, ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara. Icaha c’igihugu gitera ikindi kirategekanijwe mur’ayo masezerano ariko ntikiremezwa kugira gitangure gukurikiranwa.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: