#VOA: Gerenade Yakomerekeje Abantu 5 I Bujumbura

[ad_1]

Abantu batanu bakomeretse mu gitero ca gerenade cabereye mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi uno musi ku wa kabiri.

Igipolisi gitangaza ko grenade yatewe mu bantu bari mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru, Bujumbura. Ivyo vyabaye hafi y’isaha zibiri zo mw’ijoro ejo ku musi wa mbere.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura, Bonfort Ndoreraho yabwiye Ibiro ntaramakuru vy’Abafransa, Agence France Presse, kw’umuntu atamenyekanye yateye gerenade mu bantu bari barindiye bisi mu kibanza zihagararamwo mu gisagara ca Bujumbura. Amenyesha kw’abantu batanu bakometse, umwe muribo bikomeye cane.

Uyu muvugizi w’igipolisi Ndoreraho avuga ko umuntu yikekwa yahagaritwe ariko afata amasanamu ahabereye ico gitero. Atangaza kw’ariko arasambishwa. Amenyesha kw’ayandi magrenade abiri yaturitse mu bibanza ata bantu barimwo ku murwa mukuru, Bujumbura, mu ndwi iheze.

Hari haheze amezi atari make ibitero nk’ivyo bitabaye.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: