#BBC: Abakunzi b’umuziki bagandariye Johnny Hallyday

[ad_1]

Johnny Halliday yari amaze kugurisha inkurikirane z'indirimbo (album) zirenga imiriyoni 100Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Johnny Halliday yari amaze kugurisha inkurikirane z’indirimbo (album) zirenga imiriyoni 100

Abakunzi b’umuziki mu Bufaransa bagandariye rurangiranwa mw’ico gihugu mu njana ra Rock, Johnny Halliday, yaraye ahitanywe n’indwara ya kanseri y’amahaha.

Amaradiyo menshi na za television vyahagaritse ibiganiro bisanzwe, batera iteka uyu muhinga mu muziki yari azwi nka Elvis Presley w’Umufaransa.

Johnny Hallyday yavavanuye n’umuco w’umuziki wo mu Bufaransa usanzwe mu mpera z’umwaka w’1950, akurinirana injana ya Rock, akaba yari amaze imyaka ishika mirongo itanu ari mudashikirwa.

Yagurishije inkurikirane z’indirimbo zirenga imiriyoni ijana, anavuza mu biteramo vyinshi cane hirya no hino kw’isi.

Hallyday yari rurangiranwa cane mu Bufaransa hamwe mu bihugu bikoresha igifaransa, ariko ntiyarazwi cane ahandi.

Umukuru w’igihugu Macron, yakunda kuja mu biteramo vyiwe co kimwe n’abandi barongozi benshi n’Ubufaransa, yavuze ko hari Johnny muri umwe wese muri twebwe.

Ushobora kwumviriza indirimwo ziwe kuri YouTube kanze ngaha

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: