#BBC: Igihe co guta amaplastike aho ushatse hose kigiye guhera

[ad_1]

Amatoni imiriyoni 8 ya plastike atabwa mu biyaga buri mwakaUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Amatoni imiriyoni 8 ya plastike atabwa mu biyaga buri mwaka

Ibihugu birenga amajana abiri vyari mu nama ishigikiwe na ONU yabera muri Kenya bivuga ko igihe co gutagaguza amaplastike aho ubonye hose kigiye kurangira.

Bashize umukono ku rwandiko ruvuga ko ingeso yo guta ibivuye muri plastike vyose mu biyaga vyo kw’isi igomba guhebwa.

Abahinga mu bumenyi ariko ntibashimye kuba hatashizweko ikirangaminsi canke urugero rwo kugabanya ayo maplastike, vyokwubahirizwa n’ibihugu vyose kugira uwo mugambi ushikweko.

Ariko abashikiraganji bajejwe ibidukikije bavuze ko iyi ngingo ari akataraboneka ngo kuko yereka amaleta, inganda hamwe n’abanyagihugu ko hageze ko ibintu bihinduka.

Amatoni imiriyoni umunani ya plastike niyo atabwa mu biyaga vyo kw’isi buri mwaka.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: