#VOA: Mohamed Salah, Umukinyi wa Mbere Muri Afrika w’Umwaka w’i 2017

[ad_1]

Mohamed Salah, umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Misiri, yatsindiye agashimwe k’umukinyi akomeye cane mu karere ka Afrika w’umwaka w’i 2017.

Salah, akina mu murwi Liverpool wo mu gihugu c’Ubwongereza, amaze kwinjiza ibitsindo cumi n’indwi gushika ubu mur’uwo murwi.

Yaronse 97.65 kw’ijana vy’amajwi y’abatoye. Mohamed Salah, mur’iki gihe afise imyaka 25 yafashije kandi igihugu ciwe ca Misiri gutsindira kuja amu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka uza mu gihugu c’Uburusiya.

Yarangije imbere ya mugenziwe bakinana mu mujrwi Liverpool, Sadio Mane ava mu gihugu ca Senegal, na Pierre-Emerick Obamenyang aturuka mu gihugu ca Gabon. Akina mur’iki gihe mu murwi Borussia Dortmund mu gihugu c’Ubudagi.

Ibirori vy’ugutanga agashimwe k’umukinyi yabaye uwa mbere mu karere ka Afrika mu mwaka w’i 2017 vyabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Ghana, Accra.

Mohamed Salah, yatsindiye ako gashimwe, yatangaje ko gutsinda ako gashimwe ar’inzozi yagiye mu ngiro.

Ako gashimwe yagatuye abana bose bo muri Afrika n’igihugu ciwe ca Misiri.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: