#BBC: CECAFA U-17: Uburundi burakwije ibisabwa kugira butegure izo nkino

[ad_1]

Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye (hagati)Uwufise ububasha kw’isanamu
Amidou Hassan

Image caption

Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye (hagati)

Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye, avuga ko ibibuga vy’i Ngozi, Muyinga na Gitega bikwije ibisabwa n’amategeko kugira vyakire inkino za CECAFA zitegekanijwe mu ntango z’ukwezi kwa kane.

Mu rugendo rw’imisi ibiri yagize mu Burundi, Nicholas Musonye yarishikiye kuri ivyo bibuga vyose, ngo asanga birakwije ivya ngombwa kiretse ico i Gitega, hagati mu Burundi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Musonye yavuze ko abategetsi b’iyo ntara ya Gitega hamwe n’imvukira bamwijeje ko itariki ya mbere ukwezi kwa kane, ico kibuga kizoba gikwije ivya ngombwa.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: