#BBC: Abimukira batwawe ku nkengera y’igihugu ca Libya

[ad_1]

Migrants are rescued by members of German charity Sea-Watch in the Mediterranean Sea on November 6, 2017Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Abimukira ibihumbi n’ibihumbi baratabawe mu mwaka wa 2017

Abimukira umunani batwawe abandi 84 bararokorwa inyuma y’aho ubwato barimwo butwariwe ku nkengera y’igihugu ca Libya, nk’uko bivugwa n’abacungera inkengera z’Ubutaliyano.

Abandi barenga mirongo ibiri bashobora kuba baburiwe irengero, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe rijejwe gutabara ryo muri Espagne rya Proactiva Open Arms.

Ni ubwato bwa mbere burimwo abimukira batwawe bari mu kiyaga Mediterranee mu mwaka wa 2018.

Ico kiyaga gishika i Buraya ni inzira imaze guhitana abimukira benshi kwisi nk’uko bivugwa na Onu.

Abimukira boba bashika 34.000 baramaze gutwarwa canke baraburirwa irengero muri ayo mazi kuva mu mwaka wa 2000, nk’uko vyerekanwa n’ibiharuro vy’ishirahamwe International Oraganization for Migration (IOM).

Abimukira baheze muri Libya bagiye gufashwa gutahukanwa

Abimukira 31 baguye ku nkengera za Libya

Ishirahamwe ritanga imfashanyo ry’Ubudagi Sea- Watch rivuga ko n’imiburiburi abantu 25 bapfuye ariko igitigiri ntikiramenyekana neza.

Bumwe mu bwato bwaryo bwari mu nzira bugana aho ivyo vyabereye mu buraruko bwa Tripoli, ni ko ryongeyeko.

Ishirahamwe Proactiva Open Arms rivuga ko benshi mu barokowe bamaze amasaha menshi bari mu mazi.

Mu 2017, abimukira bababa 3.000 ni bo bizwi ko batwawe bariko baragerageza kujabuka ikiyaga Mediterranee.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: