#BBC: Barcelone yaguze Philippe Coutinho imiliyoni 142 z’amapawundi

[ad_1]

Philippe Coutinho in action for LiverpoolUwufise ububasha kw’isanamu
Rex Features

Image caption

Barcelone yaguze Philippe Coutinho imiliyoni 142 z’amapawundi

Barcelone yagiriraniye amasezerano n’umukinyi wo hagati wa Liverpool Philippe Coutinho ku miliyoni 142 z’amapawundi, akaba abaye umwe mu bakinyi bamaze kugurwa amahera menshi.

Liverpool bazoronka ubwa mbere imiliyoni 105 z’amapawundi kuri uwo munye Brezil w’imyaka 25 mu gihe amahera asigaye azorihwa mu nyuma.

Coutinho azoshira umukono ku masezerano y’imyaka itanu i Camp Nou.

Yari yagiye muri Liverpool avuye muri Inter Milan ku miliyoni 8.5 mu kwezi kwa mbere mu 2013.

Amahera yaguzwe Coutinho ari musi y’imiliyoni 200 bahawe na Paris St-Germain ku mukinyi Neymar hamwe na miliyoni 165.7 uwo mugwi uzotanga ku mukinyi Kylian Mbappe muri Monaco.

Abakinyi baguzwe amahera menshi kw’isi

£200m – Neymar (ava Barcelona aja muri Paris St-Germain) 2017

£165.7m – Kylian Mbappe (ava Monaco aja muri PSG kw’ideni mugabo ashobora no kugurwa ) 2017

£142m – Philippe Coutinho (ava Liverpool aja muri Barcelona) 2018

£135.5m – Ousmane Dembele (ava Borussia Dortmund aja muri Barcelona) 2017

£89m – Paul Pogba (ava Juventus aja muri Manchester United) 2016

Uwufise ububasha kw’isanamu
Rex Features

Image caption

Philippe Coutinho yari yagiye muri Liverpool avuye muri Inter Milan ku miliyoni 8.5 mu kwezi kwa mbere mu 2013.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: