#BBC: Chelsea na Arsenal banganije mu nkino z’igikombe ca Carabao

[ad_1]

Umukinyi wo hagati wa Arsenal Jack Wilshere (mu bubamfu) n'umuhagarikizi w'urwo rukino Martin Atkinson (i buryo)Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Umukinyi wo hagati wa Arsenal Jack Wilshere (mu bubamfu) n’umuhagarikizi w’urwo rukino Martin Atkinson (i buryo)

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yashigikiye ikoreshwa rya Video ifasha abahagarikizi inyuma y’aho uwo mugwi unganirije na Arsenal mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe ca Carabao.

Umuhagarikizi Martin Atkinson yakoresheje ubwo buhinga bwa VAR incuro zibiri zose hiketswe ko habaye penalite kuri Chelsea, aho Victor Moses bagongana na Maitland-Niles mu gice ca mbere, ni gihe Danny Welbeck bagwanira umupira na Cesc Fabrigas, kandi yanezerejwe n’uko vyagaragaye ko atari penalite.

« Ndanezerejwe n’ikoreshwa rya VAR kubera ko mu gihe hari ukutumvikana hariko haraba urukino, ni vyiza ko umuhagarikizi n’abamufasha baraba video hanyuma bagafata ingingo ikwiye », ni ko Conte yavuze.

« Nibaza ko umuntu wese azokora amakosa make cane mu rukino kandi nibaza ko bizofasha cane ».

Iyo migwi ibiri izosubira guhura mu rukino rwo kwishura ku kibuga ca Emirates itariki 24 z’ukwezi kwa gatandatu inyuma y’urwo rukino aho Arsenal yihagarayeko, ubona ko iheruka gutsindwa na na Nottingham mu rukino rw’igikombe ca FA.

« Arsenal yakinye neza », ni ko umumenyereza Wenger yavuze.

« Twari twiteguye, kunganya ni vyiza, ubu ni ngombwa ko turangiza akazi twatanguye ».

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: