#BBC: ONU yasavye amakungu kworosha amategeko agenga abimukira

[ad_1]

ONU ivuga ko amategeko yorohejwe abimukira batokoresha uburyo bwa magendoUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

ONU ivuga ko amategeko yorohejwe abimukira batokoresha uburyo bwa magendo

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasavye amakungu kworosha amategeko atuma bigorana kwimukira mu bihugu.

Ngo mu gihe ayo mategeko yokworoshwa, vyotuma abimukira batabwirizwa guca mu buryo bw’amagendo.

Ibi yashikirije mu nama rusangi ya ONU bije imbere y’ibiganiro vyanyuma ku mwumvikano ku kibazo c’abimukira.

Bwana Guterres yavuze ko uruja n’uruza rw’abantu ari ikintu ngirakamaro ku buzima bw’isi ngo kandi ibihugu bishiraho inzitizi, nta kindi vyunguka atari kubangamira ubutunzi bwavyo.

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko kitazoja muri uwo mugambi.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: