#VOA: Abashika 15 Barishwe n’Ivyondo vy’Imisozi muri Californiya

[ad_1]

Imyuzure y’amazi ivanze n’ivyondo vy’imisozi yasenyutse vyarishe abantu bashika kuri 15, bisambura amazu ataramenyekana igitigiri mu buraruko bw’igisagara ca Los Angeles, muri reta ya Californiya, Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Abantu bashika kuri 17 bariko barondera abo borokora nabo barabuzwe irengero kur’uyu wa gatatu. Abategetsi mur’ako karere batangaje ko gushik’ubu batazi aho bari.

Imvura yaguye mu gatondo ka kare ku musi wa kabiri yasenyuye imisozi, amabarabara yuzura ivyongo, ku buryo hakoreshejwe za kajugujugu n’imbwa mu gutabara abagotewe mu mazu.

Abategetsi bavuga ko amazu atari make yasenyutse ayandi arononekara bikomeye.

Benshi mu bapfuye bavugwa ko ar’abo mu mihana y’ahitwa Montecito, agace kabamwo abatunzi, aho amabarabara yacitse inzuzi z’ivyondo ayandi azibirwa n’ibitandara vy’amabuye.

Imiriro yo mu kwezi kwa cumi na kabiri yaturiye yongera iratongora amahegitare y’ibiti hamwe n’ivyatsi vyari kuzibira amazi y’imvura ava mu misozi mu buraruko bwa Los Angeles.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: