#BBC: Intambwe mu biganiro vyo gushinga reta y’urunani mu Budagi

[ad_1]

Rival German leaders: CDU's Angela Merkel (L) and SPD's Martin SchulzUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Angela Merkel na Martin Schulz bavuga ko bikenewe gufatana munda

Abanye politike bo mu budagi bumvikanye mu biganiro vyotuma hashingwa reta igizwe n’urunani.

Humvikanywe uko ibiganiro vyogenda hagati y’umugambwe w’umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Angela Merkel (CDU) n’uwo bahora bafatanije gutwara SDP.

Abo banyepolitike bamaze ijoro ryose baharira ku cegeranyo c’impapuro 28, mu biganiro vyamaze amasaha 24.

Ariko bashitse ku mwumvikano ku bintu bikomakomeye nko ku vyerekeye abimukira.

Ubudagi: Merkel mu yabira ibiganiro bihagaze

Merkel mu biganiro vyo gushinga reta y’urunani

Bipfuza kugabanwa abasaba ubuhungiro gushika ku 200.000 buri mwaka.

Ayo masezerano kandi ashinga ko igitigiri c’abantu binjira mu Budagi bazanywe n’imiryango yabo kidashobora kurenga 1000 ku kwezi.

Umushikiranganji wa mbere Merkel n’umukuru wa SPD Martin Schulz bavugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ko bizeye ko  » reta nshasha igizwe n’urunani » ishobora gushingwa vuba.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: