#BBC: Chelsea 0-0 Leicester – BBC Gahuza

[ad_1]

Jamie Vardy (i buryo) yagize utwigoro kane ariko umugwi Leicester ukaba waruhagaze nezaUwufise ububasha kw’isanamu
PA

Image caption

Jamie Vardy (i buryo) yagize utwigoro kane ariko umugwi Leicester ukaba waruhagaze neza

Urukino rwa Premier League hagati ya Chelsea na Leicester rwarangiye ari 0-0, naho umugwi wa Leicester wamaze umwanya munini ukinisha abakinyi 10 gusa.

Umugwi wa Chelsea watahanye agashavu mu kuba utashoboye gutsinda, ukaba wikurikiranije incuro zitatu unganya utinjije igitsindo na kimwe.

Aba Blues bazomerewe ku kibuga cabo inyuma yaho bananiriwe kwinjiza ubugira gatatu, inyuma y’inkino za Norwich na Arsenal, gurto bikababuza amahirwe yo kuduga mu kibanza ca kabiri.

Umukinyi w’inyuma wa Leicester, Harry Maguire yavuze ko bari bahaye uwo mugwi wa Chelsea akaryo ko gushobora kwinjiza.

Yagize ati: « Bari kuronka n’ikitari amanota atatu uravye ingene twakinye mu gice ca mbere. Twabaye kenshi akaryo ko gushobora gutsinda ».

« Twabangamiye cane abakinyi bawo b’inyuma, iyo tuja kugira abakinyi 11 mu kibuga mu gice ca kabiri yaba iyindi nkuru, ariko ni vyiza ko turangije tudatsinzwe kandi turonse inota. »

Umugwi wa Chelsea wagumye mu kibanza ca gatatu n’amanota 47, mu gihe uwa Leicester uri mu kibanza c’umunani n’amanota 31.

  • Chelsea na Arsenal banganije mu nkino z’igikombe ca Carabao

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: