#BBC: Abarusiya bariko bagwana ngo baje mu nkino za Olympique za Korea Yepfo

[ad_1]

Viktor Ahn (hagati), yatsindiye imidali itatu y'inzahabu mu nkino z'i Sochi mu 2014Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Viktor Ahn (hagati), yatsindiye imidali itatu y’inzahabu mu nkino z’i Sochi mu 2014

Ingingo yotuma abanonotsi 47 b’abarusiya hamwe n’abamenyereza babo bitaba inkino za Olympique zo mu gihe c’imbeho muri Korea Yepfo izofatwa ku munsi wa gatanu – umunsi izo nkino zizotangurirako.

Abarusiya bazi ko barenganijwe n’umugwi ugenzura inkino za Olympique « International Olympic Committee » (IOC), mu gukugwa mu nkino zizobera mu gisagara ca Pyeongchang.

Abo barusiya barimwo abanonotsi 28 bari bakuwe burundu mu mahiganwa ariko munyuma bagasubizwa umutamana mu ndwi iheze na sentare ibijejwe « Court of Arbitration for Sport » (Cas).

Umugwi w’abacamanza ba Cas batanguye kwumviriza urwo rubanza ku munsi wa gatatu, ariko munyuma rusunikigwa ku munsi wa kane.

« Ingingo z’abo mu mugwi wa Cas zitezwe ku mugoroba itariki 8 Ukwezi kwa kabiri canke mu gitondo itariki 9 Ukwezi kwa kabiri 2018, » niko Cas yamenyesheje.

Inkino za « Winter Olympics » zizotangura itariki 9 zishike itariki 25 z’Ukwezi kwa kabiri muri Korea Yepfo – ariko hakaba inkino zishobora kuba ziratangura itariki 8 z’ukwa kabiri, imbere yuko izo nkino zitanguzwa ku mugaragaro.

Bungurujishije urubanza kubera iki?

IOC yatumiye abarusiya 169 ngo bahiganwe nk’abigenga mu nkino za Pyeongchang, inyuma yaho Uburusiya bukuriwe muri izo nkino.

Bwakuwemwo inyuma yaho amatohoza yakozwe yerekaniye ko igihugu arico cagiye kiratanga uburyo bwo kwitera imiti yongereza abanonotsi inguvu, mu nkino z’i Sochi mu 2014.

IOC yarahagaritse ku buzima bwabo bwose abarusiya 43 kutazosubira mu nkino za Olympique inyuma y’irindi tohoza ryabaye.

Mu ndwi iheze Cas yarejeje abarusiya 11, abandi 32 munyuma bunguruza urubanza ngo barabe ko boja muri iryo higanwa rya Pyeongchang.

  • Imyigaragambyo ku mikino ya Sochi

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: