#VOA: Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi Si iry’Abanyagihugu Bamwe

[ad_1]

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yaranebaguye bikomeye cane umugambi wa perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza w’uguhindura Ibwirizwa Shingiro mu bishobora gutuma aguma ku butegtetsi mu kindi kiringo c’imyaka cumi canke irenga.

Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, kur’uyu wa gatatu.

Yatangaje ko abari mu mirwi y’abatavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi bategerezwa kugira uruhara ku ngingo iyo ari yo yose igenewe guhindura ibwirizwa shingiro. Ivyo kugira ntibitume haba iyindi ntambara mu gihugu.

Muri raporo yashikirije urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, Guterres amenyesha ko ari uburenganzira bw’igihugu cigenga bwo guhindura ibwirizwa shingiro. Yamara avuga ko igikorwa gikomeye nk’ico gitegerezwa kugirwamwo uruhara n’abanyepolitike bose bashobotse kandi bikaba mu buryo bwumvikanyweko.

Bitegakanijwe ko urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ruganira ku cegeranyo c’umunyamabanga mukuru, Antonio Guterres kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kabiri.

Perezida Nkurunziza yatanguje isekeza ry’ukugirisha referandumu kw’ibwirizwa shingiro rishasha mu kwezi kwa gatanu mur’uyu mwaka w’i 2018.

Benshi mu bayoboye abatavuga rumwe na reta barihojeje ibiganiro ku vyerekeye guhindura ibwirizwa shingiro canke barerekana impungenge ku bijanye n’ukwubahiriza amategeko kw’iyo ngingo.

Ambasaderi w’Uburundi mw’ishirahamwe ONU, Albert Shingiro yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’abafransa AFP, ko atasomye icegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU.

Yamara yatangaje kw’ibinebaguro ivyo arivyo vyose kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi ari ukurenga ku bwigenge bw’igihugu hisunzwe amasezerano ishirahamwe ONU rigenderako.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: