#BBC: Wenger: « Abakinyi bo mu Bwongereza ni aba mbere mu kwigwisha hasi »

[ad_1]

Dele Alli ahawe ikarata y'umuhondo na Jon Moss ku munsi wa MunguUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Dele Alli ahawe ikarata y’umuhondo na Jon Moss ku munsi wa Mungu

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko abakinyi bakinira mu gihugu c’Ubwongereza boba ari « abahinga » mu kwigwisha hasi.

Umukinyi wa Tottenham Dele Alli yahawe ikarata y’umuhondo yigwishije hasi mu rukino banganije na Liverpool ku munsi wa Mungu.

Uwo bakinana Harry Kane yagirijwe nawe nyene kwigwisha hasi n’umukinyi w’inyuma wa Liverpool Virgil van Dijk igihe bahawe penaliti.

Wenger yavuze: « Ndibuka ko vyabaye birebire hano igihe abakinyi baturuka hanze babikora, none ubu abakinyi bo mu Bwongereza baravyize ningoga, bakanashobora kuba n’abahinga murivyo muri kino gihe. »

Uwo mugabo aturuka mu Bufaransa yavuze ko Raheem Sterling « yigwishije neza » mu kwezi kwa 11, igihe Arsenal itsindwa 3-1 na Manchester City.

Wenger, umugwi wiwe uzohura n’aba Spurs ku kibuga ca Wembley ku munsi wa gatandatu, yavuze ati: « Sinshobora kubwira abakinyi banje ngo bigwishe hasi. Ivyo dutegerezwa kubikura mu rukino. »

Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Arsene Wenger avuga ko adashobora kureka abakinyi biwe ngo bigwishe hasi

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: