#VOA: Ibihano Bikomeye Bitigeze Bifatirwa Koreya ya Ruguru

[ad_1]

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Zeta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pence yashikirije kur’uyu wa gatatu aho yari i Tokyo mu Buyapani ko Igihugu ciwe citeguye gushira ahabona ibindi bihano bikomeye mu vy’ubutunzi bitari bwigere bifatirwa Koreya ya ruguru.

Pence yongeye avuga ko Washington igiye kwongereza inguvu mu kuremera ico gihugu ngo kivavanure na porogaramu yaco yo kubandanya gikora ibirwanisho ruhonyanganda.

Pence ntiyatomoye ariko ivyo bihano bishasha Amerika igiye gufatira Koreya ya ruguru ivyo ari vyo.

Mu mwaka uheze, Washington, ibicishije mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yarafatiye Koreya ya ruguru ibihano vy’ubutunzi incuro zitatu zikurikirana.

Ivyo bihano vyafashwe inyuma y’uko Koreya ya ruguru irungitse musile mu kirere ikagerageza n’ibirwanisho vya Nikleyeli vyavuzwe ko bibangamiye umutekano mpuzamakungu.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: