#BBC: Korea zombi ziyunze mu mutambagiro wa Olempike

[ad_1]

Korea y'epfo n'iya ruguru zunze ubumwe mu nkinoUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Korea y’epfo n’iya ruguru zunze ubumwe mu nkino

Abanonotsi ba Kore y’epfo n’iya ruguru biyunze bakorera hamwe umutambagiro n’ibirori vyatanguje icese inkino za Olempike zo mu gihe c’imbeho zibera i Pyeongchang muri Korea y’epfo.

Mu baje kurorera ibirori harimwo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ba Korea ya ruguru, ba mbere bagendeye Korea y’epfo kuva intambara ka Korea yaba haciye imyaka mirongo itandatu.

Intumwa za Pyongyang zakiranywe igishika n’umukuru w’igihugu ca Korea y’epfo, Moon Jae-in, ariko biyumanganijwe n’icegera c’umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence.

Yanze kwicarana nabo ku meza bateguriwe, aho bafatira ifunguro ry’abanyacubahiro.

Korea y’epfo yizera yuko kwiyunga muri zino nkino za Olempike bishobora kuzotuma uruhagarara rwa gisirikare na Korea ya ruguru rugabanuka.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: