#VOA: Kuki Abadepite b’u Rwanda Banze Kuvugana n’aba Isiraheli?

Abategetsi b’u Rwanda banse kwakira umurwi w’abadepite batavuga rumwe na reta mu gihugu ca Isiraheli bashaka kuvuga ku kibazo c’abimukira b’abanyafrika Isiraheli iriko igabisha kwirukana ku butaka bwayo.

Michal Rozin, wo mu mugambwe utavuga rumwe w’igihugu ca Israel Meretz, yabwiye itororokaniro ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, ko bari mu Rwanda mu gikorwa c’ugutohoza kubera bashaka kumenya ukuri.

Avuga ko basavye kubonana n’abategetsi b’u Rwanda kugira baganire kw’iyirukanwa ku butaka bwa Isiraheli mu buryo avuga ko budaciye mu mategeko bw’abasaba ubuhungiro bakomoka mu gihugu ca Eritreya, bakajanwa mu Rwanda. Yamara Rozin avuga kw’abategetsi b’u Rwanda banse kubaha umubonano, ngo bakaba babaza igituma ivyo bitashobotse.

Isiraheli kiteguriye kwirukana abanyasudani n’abandi bakomoka muri Eritrea ibihumbi n’ibuhumbi kivuga ko binjiye mu buryo budaciye mu mategeko kandi batasavye ubuhungiro. Isiraheli yabahaye guhitamwo kuva ku butaka bwayo kw’italiki imwe y’ukwezi kwa kane, bagasubira mu bihugu baje bavamwo canke bakaja mu bindi bihugu canke bagapfungwa.

Reta ya Isiraheli igumiza mw’ibanga izina canke amazina y’ibihugu vyumvikanye kugira vyakire abimukira bazoba birukanywe ku butaka bwayo. Yamara amashirahamwe ajejwe gufasha abimukira avuga kw’ivyo bihugu ari Uganda n’u Rwanda. Ivyo bihugu bibiri vyariyamirije ivyo vyagirizo.

Umunyamabanga wa reta mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’u Rwanda, Olivier Nduhungirehe, yasiguye kw’abadepute baje bava muri Isiraheli batakiwe kubera badashaka kwivanga mu biraba Isiraheli.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: