#BBC: Abantu 71 bapfuye mw’isanganya ry’indege mu Burusiya

[ad_1]

Uwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Ibimanyu vy’indege vyatowe mu murima wuzuye urubura mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Moscou

Isanganya ry’indege y’ingenzi yo mu gihugu c’Uburusiya ryahitanye abantu 71 barimwo n’abakozi bayo, inyuma yaho iburiwe irengero ikurikiranwa ku buryo bwa « radar » ivuye i Moscou ija Urals, nkuko ibigo vy’itangazamakuru bivuga.

Iyo ndege yo mw’ishirahamwe « Saratov Airlines » An-148 yari mu nzira igiye mu gisagara ca Orsk igihe iburiwe irengero.

Ikigo c’ubutabazi cabwiye itororokanirizo ry’amakuru Interfax news kw’iyo ndege yaguye hasi ko ata mahigwe yuko havamwo abarokoka.

Bivugwa ko yoba yaguye hafi ya Argunovo, ku birometero 80 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Moscou.

Ku bw’ikindi kinyamakuru, iyo ndege ntiyasubiye kuboneka kuri radar inyuma y’iminota ibiri ivuye ku kibuga c’indege ca Domodedovo.

Image caption

Ikarata y’Uburusiya

Mwomenya iki kw’ishirahamwe Saratov Airlines?

Ishirahamwe Saratov Airlines riri ahitwa Saratov, ku birometero 840 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Moscou.

Mu 2015 ryarihanikijwe gukora ingendo mpuzamakungu, igihe abagenzura imikorere y’amashirahamwe y’indege basanze hari umuntu adakora kuri iyo ndege mu kibanza c’abadereva.

Iryo shirahamwe ryarungururishije urubanza mu nyuma rirasubira gukora ryabanje guhindura bimwe mu mikorere yaryo, risubira mu ngendo mpuzamakungu mu mwaka w’i 2016.

Ahanini ingendo zaryo ni izo mu bisagara vyo mu Burusiya ariko rirafise n’ingendo zishika muri Arménie na Georgia.

  • Uburusiya busaba insiguro Turkiya.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: