#BBC: Amerika ivuga ko yipfuza kuganira na Korea ya ruguru

[ad_1]

Bwana Pence (i bubamfu) na Prezida wa Korea ya Ruguru Kim Yong-nam (hagati) na mushiki w'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Yo-jong (hagati), bifashe nk'abatazinanyeUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Bwana Pence (i bubamfu) na Prezida wa Korea ya Ruguru Kim Yong-nam (hagati) na mushiki w’indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Yo-jong (hagati), bifashe nk’abatazinanye

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gisa n’icigaruye uravye aho cari gihagaze ku bijanye n’ibiganiro na Korea ya ruguru, ubu kikaba gisa n’ikiriko kirorosha ibintu.

Asubira muri Amerika avuye muri Korea y’epfo, icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika, Mike Pence, yavuze ko ibihano vyashizwe kuri Korea ya ruguru bizogumizwaho, ariko amenyesha ko Amerika yipfuza kuvugana n’ico gihugu.

Inyuma yaho, umunyamabanga w’imigenderanire ya Amerika n’amakungu, Rex Tillerson, yavuze ko ari Korea ya ruguru ikwiye kuvuga igihe ikenereye ibiganiro bifise akamaro.

Uwo mugambi w’ibiganiro watanguye kuvugwa ku munsi wa gatandatu igihe indongozi ya Korea ya ruguru, Kim Jong-un, atumiye Prezida wa Korea y’epfo, Moon Jae-in i Pyongyang mu biganiro, ubutumwa bwatanzwe na mushikiwe Kim Yo-jong.

  • Korea Yepfo iracatenyenya ku butumire bw’iya Ruguru
  • Umugwi umwe wa « Olympique » wa Korea Yepfo n’iya Ruguru

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

[ad_2]

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Gira ico ubivuzeko: