Vital’o FC: Ihangiro Si Primus Ligue

Umugwi wa Vital'o FC Ntabwo Ufise Ihigiro Ryo Gutwara Igikombe ca Primus Ligue.

« Source: WhatsApp Group »

Amakuru dukesha umugwi wa Vital’o avuga ko uyo mugwi utagifise ihagiro ryo gutwara igikombe ca Primus Ligue c’uyu mwaka w’inkizo za FFB mu Burundi. Ivyo bivurwa na Jean Gilbert Kanyenkore, Umumenyereza w’umugwi wa Vital’o FC, akaba yashikirije ivyo kuruyu wa gatatu inyuma yo kunganya ubusa ku bundi (0-0) n’umugwi wa LLBS4A mu ndwi ya 21 ya Primus Ligue k’urukino rwabereye kukibuga c’itiriwe Ivyizigiro.

Jean Gilbert Kanyenkore ati: « ikipe zose ntizishobora kuba izambere. Lydia Ludic ibaye iyambere tukaba aba kabiri canke aba gatatu ntakibi. Nasanze ikipe ahantu gusa ico ntashaka nuko ikipe isubira inyuma, twigiye imbere tukaba aba kabiri canke aba gatatu ntakibi ntagipfa. »

Kanyenkore akamenyesha ko ahanini ihangiro Umugwi wa Vital’o FC ufise niryo gutahukana igikombe citiriwe ic’Umukuru w’Igihugu.

Kanyenkore, ubu ari nawe ari umumenyereza mukuru w’umugwi wa Vital’o FC aheruka gukaruka muruyo mugwi mu minsi ya vuba aho yaramaze iminsi itari mike ari mu gihugu c’u Rwanda. Aho naho akaba yarabaye umumenyereza w’imigwi itandukanye imbere yuko afata ingingo yo kugaraka mu Burundi mu mugwi wa Vital’o FC ari nawe amaze kuwumenyereza mu kiringo kitari gito muri kahise ka hafi k’uwo mugwi ukinira mu mahiganwa yo mu cicaro ca mbere mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB.

« Jewe ihangiro si gikombe ca Primus ligue cane cane, mugabo twese twatanguye dufise amahirwe, ariko ihangiro dufise nugutahukana igikombe c’Umukuru w’Igihugu, niryo hangiro cane cane tuzoshira imbere inguvu hamwe n’iyindi migwi twese turagikeneye mugabo biracashoboka », ukwo akaba ariko yabandanije avuga Jean Gilbert Kanyenkore, umumenyereza mukuru wa Vital’o FC, umugwi usigaye ukinira inkino zo kwakira ku kibuga citiriwe Ivyizigiro co mu Ntara ya Rumonge.

Mwomenyako Vital’o FC ifise ikibanza ca 4, n’amanota mirongo itatu n’atanu (35), n’inkino mirongo ibiri (20). Umugwi wa Vital’o ukaba usigaje gukina inkino icumi (10) muri rino higanwa ry’uno mwaka rya ryitiriwe ikinyobwa ca Brarudi « Primus » kandi rikaba rishigikirwa ahanini niryo shirahamwe nyene Brarudi rihingura ibinyobwa bitandukanye kandi benshi bakunda mu Burundi, iryo higanwa narya rikaba ariryo bita « Primus Ligue » mu rurimi rw’Igifaransa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: