Umusi Mukuru Wahariwe Amazi Meza

Uwo musi ukaba wahimbajwe mu gihe  mu burundi ,abenegihugu badafise ayo mazi meza, bagakoresha kenshi amazi y’inzuzi nka ntahangwa,rusizi,mugere n'izindi.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante, ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, no gutunganya ibisagara bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umusi wahariwe amazi meza kwisi. Uwo musi ukaba wahimbajwe mu gihe  mu burundi, abenegihugu badafise ayo mazi meza, bagakoresha kenshi amazi y’inzuzi nka ntahangwa,rusizi,mugere n’izindi.

Ikingirwa ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika, icokorwa kugira abenegihugu bose baronke amazi meza kandi kurugero rushimishije ivyo nivyo bibazo vyabajijwe n’abamenyeshamakuru ku bajejwe igisata c’amazi muri ubwo bushikiranganji hamwe nabo muri Regideso.

MagaraTimes yashimye kugendera abanyagihugu bo mu Ruziba iri muri zone Kanyosha. Abo benegihugu bakaba bavuga ko bashobora kumara hafi indwi zibiri ata mazi abonetse ku mabombo, bigatuma baja kuyagura ku mafaranga amajana abiri ibido imwe canke ngo bakaja kuvoma amazi  ya Tanganyika canke y’uruzi Mugere akaba ariyo bakoresha muri vyose.

Kubwa Desiré GAHUNGU, umwe mu banyagihugu twavuganye ngo: « Ingaruka mbi rero nuko abaja kuyavoma kenshi ari abana. Kenshi abo bana bagira insanganya  bakarwa muri tanganyika kuko baba bariko bavoma ahari amazi meza ayo nayo aba ari kure gato. Iyindi ngaruka mbi n’indwara abana baguma barwara kubera isuku rike riva kurayo mazi meza ataboneka.»

Abo benegihugu basaba rero leta yuko yobazanira amazi hafi  kuko kwama banywa amazi y’inzuzi bibatera indwara nyinshi.

Tubamenyeshe yuko uyu musi uzohimbazwa kuruyu wa gatandatu muri Komine Giheta, Intara ya Gitega.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: